Accueil > Amakuru > umutekano > Ikiziga c’umwigeme yahora aba mu Kibenga catowe i Bururi
Ikiziga c’umwigeme yahora aba mu Kibenga catowe i Bururi
mardi 12 Kigarama 2017, par
Josiane NIKUNDANA yahora aba kwa musaza we muri zone Kibenga igisagara ca Bujumbura yaburiwe irengero kuva ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 8 Kigarama 2017. Kuva bimenyekanye ko atawuzi irengero ryiwe, ubutumwa bw’ukumurangisha bwaracishijwe ku mihora ngurukanabumenyi.
Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 12 Kigarama 2017 niho abana bariko barasenya inkwi mw’ishamba ryo mu Rw’ingwe babona ikiziga ciwe. Ico kiziga catowe hafi y’aho uwo yagandaguwe avuka, muri zone Vyuya, komine Mugamba, intara ya Bururi, ahasanzwe haba n’abavyeyi biwe.
Abagandaguye uwo mwigeme ntibaramenyekana.
NIKUNDANA Josiane yahora yiga kuri "Ecole Secondaire Lumière de kinindo."
Egide NDUWIMANA
Messages
12 Kigarama 2017, 14:21, par Busurahende
Amahoro ni umusesekara, nabo muri EAC bariko bazunguruka Uburundi bwose ku makinga. Wumva isi izomenya gute ko Abarundi bahonye mu mugambi kora?
12 Kigarama 2017, 15:06, par Hicuburundi
Ntabandi biha inkumbi mu gihugu atari API babifashijemwo n’Imbonerakure,abari ku makinga i Ngozi bati amahoro ni yose mu gihugu cacu,murihenda sha tout se paie ici bas
12 Kigarama 2017, 15:45, par Amahinyu
@Busurahende
Uriko urigamba kuko urinda kuba uri mu bamugandaguye!