IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Imodoka ya Buramatari wa Bubanza yaguye mu mutego w’abitwaje (...)

Imodoka ya Buramatari wa Bubanza yaguye mu mutego w’abitwaje ibirwanisho

mercredi 16 Myandagaro 2017

Amakuru ava mu ntara ya Bubanza,amenyesha ko hari nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro kw’ibarabara riva mu gisagara ca Bujumbura rija mu ntara ya Cibitoke,muri commune Gihanga, y’intara ya Bubanza aho imodoka ya buramatari w’intara ya Bubanza Tharcisse NIYONGABO yagwa mu mutego w’abantu bitwaje ibirwanisho.

Abajejwe intwaro muri komine Gihanga bamenyesha ko inyuma yo kurasana umwanya muto n’abacunga ubuzima bwa buramatari abari bateze uwo mutego baciye bahunga.

Musitanteri wa Komine Gihanga Leopold NDAYISABA amenyesha kandi ko Imana yakinze kuko ata cononekaye muri ico gitero.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Turakeje bimwe bivuye ku mutima abari bajejwe umutekano wa Buramatari w’intara ya Bubanza bashoboye kwirukana abo bagizi banabi, barerekanye professionalisme mu kazi kabo bajejwe.Turikumwe namwe ngabo zigihugu cacu c’uburundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.