Imodoka yari yunguruje ba Musitanteri batatu yagize isanganya

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 12 Kigarama 2017 saa 12:12
48645
0 0

Imodoka yari wunguruje Ba Musitanteri ba komine Nyabiraba, Kabezi hamwe na Mukike yagize isanganya mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri. Abo barongoye izo komine bariko berekeza muri komine ya Bugendana, intara ya Gitega, mu bikorwa vy’ugutanguza kamarampaka kw’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi (Lancement des activités du référendum constitutionnel). Muri iryo sanganya, Imana yakinze ntawahasize ubuzima.

JPEG - 71 ko
Imodoka yari wunguruje Ba Musitanteri ba komine Nyabiraba, Kabezi hamwe na Mukike

Tubamenyeshe ko kuri uwu wa mbere, abantu babiri bagizwe n’umusirikare w’Uburundi hamwe n’mwana w’umunyeshure bitavye Imana, abandi nabo barakomereka mw’isanganya ry’imodoka.

N’abandi bantu batanu barakomeretse mu rindi sanganya ry’imodoka nyene ryabaye kuri uwo munsi wa mbere. Ayo masanganya abiri yabaye ku miduga y’igisirikare yari igeze muri zone Kabuye, komine Kayanza, intara ya Kayanza.

Iyo miduga y’igisirikare yari iyiherekeje umukuru w’igihugu yariko aja mu ntara ya Ngozi, nk’uko bishikirizwa n’abantu bari begereye ahabereye ayo masanganya, bivugwa ko ayo masanganya yoba yatewe n’umuvuduko munini iyo miduga yarimwo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha