IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ingingo z’ugukomeza umutekano kw’ibarabara Bujumbura - Cibitoke (...)

Ingingo z’ugukomeza umutekano kw’ibarabara Bujumbura - Cibitoke zafashwe

jeudi 19 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu nama y’umutekano Buramatari w’intara ya Bubanza Tharcisse NIYONGABO yagirishije kuri uwu wa gatatu i Gihanga, yahuje abajejwe umutekano, abajejwe intwaro hamwe n’abaserukira abanyagihugu, bose bo mu karere k’uburengero, hari ingingo zafashwe z’ugukomeza umutekano kuri iryo barabara.

Zimwe muri izo n’uko ata ruja n’uruza rw’abantu n’imiduga ruzosubira gukorwa kw’ibarabara rya Bujumbura Cibitoke inyuma y’isaha zibiri z’ijoro.

Iyindi ngingo yafahswe n’uko abaja gusenya inkwi mw’ishamba rya Rukoko batosubira kurenza isaha icenda z’umuhingamo ariyo bakiri, abafise ubunywero nabo bwegereye ishamba rya Rukoko bakaba bategetswe kuzohora bakora gushika isaha imwe z’ijoro.

Abarima umuceri mw’ishamba rya Rukoko bategerezwa kwimenyekanisha ku bajejwe umutekano bakorera muri iryo shamba.

Buramatari w’intara ya Bubanza, Tharcisse NIYONGABO yasavye abanyagihugu ko boza barakorana neza n’abajejwe umutekano, mu guhanahana amakuru.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.