’’Ingingo zo gukomeza umutekano mu mpera z’umwaka zaramaze gufatwa’’-NKURIKIYE

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 27 décembre 2017 saa 02:12
Yasomwe :
0 0

Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko umunsi mukuru wa Noweli wahimbajwe mu mutekano mu gihugu cose. Pierre NKURIKIYE avuga ariko, ko amasanganya yo mw’ibarabara ariyo yibonekeje, mbere ahitana ubuzima bw’abantu.

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE avuga ko uretse isanganya rimwe ryabereye mu Kanyosha,aho abantu 8 bitavye Imana, 46 bagakomereka, hamwe n’irindi ryabereye muri komine Isale mu ntara ya Bujumbura Rural, ahandi mu gihugu cose hari hatekanye.

Pierre NKURIKIYE amenyesha ko umunsi mukuru wa Noweli wahimbajwe neza cane mu gihugu cose, kuko uko wahimbajwe abantu bari bisanzuye gusumvya uko vyari mu mwaka uheze wa 2016.

Umuvugizi w’igiporisi aranegura ariko abagifise agatima nk’ako mu myaka iheze, aho bama bavuga ngo barakenye, kandi uko vyamye bimeze ariko bikimeze n’uno munsi.

Pierre NKURIKIYE akavuga ko bisunze ivyegeranyo bafise mu giporisi c’Uburundi, umunsi mukuru wahimbajwe abantu bisanzuye, ariko ko ingingo zitanga umwimbu mwiza zamaze gufatwa mu gukomeza umutekano, ku munsi mukuru uheza umwaka.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha