IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kabondo : Umwigisha wa Kaminuza y’Uburundi yafashwe n’igiporisi

Kabondo : Umwigisha wa Kaminuza y’Uburundi yafashwe n’igiporisi

jeudi 9 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Umwigisha wa Kaminuza y’Uburundi, Professeur Gervais Gatunange yahagaritswe n’igiporisi mu gatondo ko kuri uwu wa kane, inyuma y’ibikorwa vy’isakwa vyabaye ku rugo iwe ruri mu Kabondo, mu gisagara ca Bujumbura.

Mu giporisi bamenyesheje ko yahagaritswe inyuma y’aho basangiye adafise agakaye k’urugo (Cahier de ménage), akagirizwa kandi ko yishuye nabi umuporisi, nk’uko umuvugizi w’igiporisi yabishikirije.

Amakuru twahavuye turonka avuga ko uwo mwigisha muri Kaminuza y’Uburundi yarekuwe, inyuma y’umwanya muto yamaze yumvirizwa.


IGIHE

Messages

  • Ni Muhumure Tuzoronka Amahoro , Umutekano, Umunezero Dushitse Mu Bwami Bw’Imana Niho Hatekanye. Kandi Bantu B’Imana Mwirinde Gusamazwa N’ivy’iki Gihe Ntimute Inzira.Mwirinde Icobatandukanya N’Imana Kandi Mwuzure N’abantu Bose Aho Muherere.Mukunde N’abansi Banyu.Ariko Kandi Mwibuke Ko Umwansi Wa Mbere W’umuntu Ari We Nyene Ubwiwe. Guhitamwo Iciza Canke Ikibi Biri Mu Maboko Yawe. Ni Wahitamwo Neza Uzoronka Umugisha. Ni Wahitamwo Nabi Naho Umuvumo Uzokubako Wab’uri Umupolisi , Wab’uri Umwigisha,wab’uri Umutegetsi Kanaka, Wab’usenga Cank’udasenga, Twese N’uko. Impembo Y’ukugororoka N’ubugingo Buhoraho. Impembo Y’icaha N’urupfu Rw’ibihe Bidashira Urwo Yesu Yatsinze Kandi Yakijije Abamwizera Bose Bagashitsa Kw’iherezo .

  • Hhahaha munyumvire vraiment,murafata umugabo w’ijunja nka Professeur Gervais musize intozo zirirwa zirayerera mu mabarabara,vyabananiye kumuhimbira ivyaha,musaka ku mu Professeur muronderayo iki?akari inyuma karahinda

  • @emmanuel
    "Impembo Y’icaha N’urupfu Rw’ibihe Bidashira Urwo Yesu Yatsinze Kandi Yakijije Abamwizera Bose Bagashitsa Kw’iherezo ."

    Wewe unyibukije umuntu umwe yivugiye ko umuvyeyi wiwe yamubwiye ko urwarwa ari umwansi. Hanyuma Yesu nawe yavuze ati n’ugukunda umwansi.
    Uyo muntu abwira umuvyeyi wiwe ati jewe ngiye gukurikiza impanuro ya Yesu!

  • HARAHO NUWO MU POLICE ARIWE YAMWIGENJEJEKO NABI NABO NYENE NTI BERA KUKO BAJE MURUGO GWAWE BASHAKA AMAHERA NA BURYA PEREZIDA YAVUZE TI UWUBATSE INZU YA MA TEGURA AKUREKO ASHIREKO AMA BATI MASHASHA! UWA ETAGE IMWE AGIRE ZI BIRI BIZOVAHE NU BUKENE NINZARA?

  • Nibamubohe. Umuhungu wiwe niwe yohora aturatuza abanyeshuri b’abahutu muri INDE.

  • ivyo nivyo nikokazi ka police nafatwe abazwe ivyo yagirizwa ni yera atahe yagiriye icaha kuki atohanwa! abarundi iyo niyodwara bagwaye kwishiramwo ivyubwoko kandi umugiziwanabi atabwoko afise nukuri nabibazwe abarundi twararushe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.