Kajaga : Umukenyezi yishwe acumiswe imbugita

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 8 décembre 2017 saa 11:34
37200
0 0

Umugore umwe yaraye yishwe mw’ijoro ryo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 7 Kigarama n’umugabo bivugwa ko yari umugabo wiwe. Amakuru ava muri quartier ya Kajaga,iri muri komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura amenyesha ko uwishe uwo mukenyezi yahavuye nawe afatwa.

Amakuru ava aho mu Kajaga, amenyesha ko uwo mukenyezi yishwe acumiswe imbugita nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro n’umugabo azwi kw’izina rya Makenze, bivugwa ko yoba ari umugabo wiwe, imbere y’uko ikiziga ciwe gitorwa hafi y’ihoteri Ziranova.

Ayo makuru nyene amenyesha ko Makenze yaciye agerageza kwikomeretsa akoresheje imbugita, kugira yerekane ko nawe yoba yarashwe n’abasirikare bakorera muri ivyo bice.

JPEG - 43.3 ko
Makenze yagirizwa kwica umukenyezi mu Kajaga

Ababa hafi y’iyo hoteri, bemeza ko uwo mugabo azwi kw’izina rya Makenze nawe yahavuye afatwa, ariko gushika ubu icatumye uwo mukenyezi yicwa kitaramenyekana.


Kumenyekanisha

1
Hafsa 8-12-2017 à 16:29

Ntagitangaje kirimwo iryo n’Iragi rya Peter Nkurunziza

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha