Kamenge : Abana babiri bitavye Imana bagonzwe n’imodoka

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 28 Munyonyo 2017 saa 01:01
31470
0 0

Abana babiri bitavye Imana, abandi bantu cumi barakomereka mw’isanganya ry’imodoka ryabaye mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, aho bita ku matafati, zone Kamenge, hafi y’ubunywero buzwi kw’izina rya "IWABO W’ABANTU".

Iryo sanganya ryabaye nk’igihe c’isaha imwe, imodoka yo mu bwoko bwa "Double cabine" yacitse ibiyituma ihagarara (Freinage) iriko iramanuka yinjira mu gisagara ca Bujumbura, muri komine Ntahangwa.

Abana babiri bagonzwe n’iyo modoka baciye bitaba Imana aho nyene, iyo modoka ikomeretsa n’abandi bantu bagera kuri 10, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.

Umudereva wayo yaciye ahunga, n’ubu ntaraboneka. Igiporisi kimenyesha ko ariko araronderwa, ku mvo z’amatohoza.

Abakomeretse batwawe kwa muganga n’igiporisi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha