Kamenge : Gerenade yakomerekeje abantu umunani

Yanditswe na
Kuya 22 Rusama 2017 saa 08:42
Yasomwe : 12384
0 0

Abantu 8 nibo bakomeretse ku mugoroba wo kuri un w’Imana igenekerezo rya 21 Rusama,umwaka wa 2017, inyuma ya Grenade yatewe n’abantu bataramenyekana ,kw’ibarabara rya 5 riri muri quartier Gikizi ya zone Kamenge, muri komine ya Ntahangwa.

Amakuru ava mu banyagihugu baba ahegereye ahatewe iyo Grenade, amenyesha ko iyo grenade yatewe hafi y’urugo rw’uwurongoye zone ya Kamenge, naho nyene abayiteye bataramenyekana.

Ayo makuru amenyesha ko mu bakomeretse harimwo abana batatu n’umukenyezi umwe, bari hafi yaho.

Amakuru ava muri quartier Gikizi,amenyesha ko mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 22 Rusama,umwaka wa 2017, igipolisi n’abasirikare bazindukiye mu gikorwa co gusaka ahanini bakaba baraba ko amakaye y’imiryango yujujwe neza.


Kumenyekanisha

1
p.amtoine 22-05-2017 à 15:26

EREGA ABAKORIBARA NABO NYENE BANDITSWE MUMAKAYE

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha