Kamenge : Umusuma yitavye Imana,ivyo yari yivye birafatwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 15 juin 2017 saa 10:26
Yasomwe : 15669
0 0

Ibidandazwa bigizwe n’ibinyobwa vya BRARUDI nivyo vyafashwe n’igipolisi mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 15 Ruheshi 2017,muri Zone ya Kamenge,Quartier Kavumu,kw’ibarabara rya 5.

Amakuru ava muri zone ya Kamenge amenyesha ko humvikanye amasasu nk’igihe c’isaha icumi z’ubucagucagu ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 15 Ruheshi 2017 mu gihe abapolisi bariko bakurikira imodoka yo mu bwoko bwa Probox yariko igereageza kwiruka itwaye ivyari vyibwe.

Mu gipolisi c’Uburundi baremeza ayo makuru, umuvugizi w’igipolisi Pierre NKURIKIYE abicishije ku buhinga ngurukanabumenyi Twitter, yavuze ko imodoka yo mu bwoko bwa Probox yunguruza abantu mu gisagara yariko igerageza guhunga itwaye inzoga zibwe,igipolisi gica kirayirasa.

Ayo makuru nyene akamenyesha ko mu gihe igipolisi carasa,uwari yivye izo nzoga yafashwe n’urusase aca aritaba Imana,mu gihe uwariko aratwara iyo modoka ataco yabaye kandi yamaze guhagarikwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha