IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Abantu babiri bishwe n’abitwaje ibirwanisho

Kanyosha : Abantu babiri bishwe n’abitwaje ibirwanisho

lundi 2 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe bari batashe bavuye mu munsi mukuru mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, abantu babiri bategerewe n’abitwaje ibirwanisho, barabarasa baca bitaba Imana.

Abajejwe intwaro muri komine ya Kanyosha bamenyesha ko abo bantu bakoze ubwo bwicanyi batafashwe, ariko ko amatohoza abandanya.

Mu ntara ya Bururi naho, abantu bagera ku munani nibo bahagaritswe n’abajejwe umutekano kuri uwu w’Imana, mu gihe bari mu bunywero bariko bigina umwaka mushasha w’2017.

Mu giporisi bamenyesheje ko biketse abo bantu, ari nakwo kubahagarika. Indwi muribo bahavuye barekurwa.


IGIHE

Messages

  • Umutekano mu burundi nijana kwi jana. Ntabantu bapfa ntanumwe namahoro gusa gusa ntabantu bapfa.

  • Zamaratahura gufata umuntu kumvo zamatohoza nogupfunga umuntu biratandukanye, ikimbabaza nuko ababizi aribo usanga babishusha ntibaheze ngobasobanurire abatabizi.
    Nkakarorero ’ ababanditsi bababakwiye kuca basigurira abantuko abobafashwe kumvo zamatohoza kwimiryangoyabo itobifata nkabakoze icaha.
    Nobabwirako jewe narigeze kubandahantu hanyuma mbona abantu barwanye maze habahumuntu ahamagara polisi maze polisi ihageze nanje baciye banyora bantwarana nabobariko baratwana, nkumwanditsirero ameze nkababacu yoshungagusa avugako bantwaye kumvozamatohoza kandaho yobabivuzeneza ariko abarundibacu barakeneye ko ucawongerako ko nimba atakimwagira harivyobaza kumubaza yobayabonye hanyuma yitahire, kandi nikwobigenda abafatwa kumvozamatohoza 99% bararekurwa.

  • Uburundi buratekanye. Usibye utudumbidumbi tw’inkozi z’ikibi.

  • Wesha kagabo Lili ivyubiviga kubera utarashikirwa umusi washikiriwe ukaja mukigandaro casowawe namyoko nabomuvukana niho uzobitahura muburundi kwatamahoro ariho, rindirasha akataraza karacarinyuma.

  • Mukanyosha Hamyatamutekano Kuva Kera

  • Nibapfe Bagomba Apfe Ind

  • bant mukora amatohoza .mugerageze muyakore mwihut kugira abo bakora ububisha bafatwe atagishivya

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.