IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha: Abantu batatu barishwe barashwe muri Zone ya Muyira

Kanyosha: Abantu batatu barishwe barashwe muri Zone ya Muyira

lundi 16 Nzero 2017

Abagabo babiri n’umwana w’umuhungu w’imyaka 10 barishwe barashwe n’abantu batamenyekanye ku mugoroba wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 14 Nzero 2017 ,ubwo bwicanyi bwabereye ku mutumba wa kavumu muri zone Muyira ya komine Kanyosha.

Amakuru ava mu bajejwe intwaro muri zone ya Muyira, amenyesha ko abo bishwe ari Vincent Nshimirimana , Serge Mpawenimana, hamwe n’umwana w’umuhungu w’imyaka 10 Oscar Nsengiyumva.

Ayo makuru amenyesha ko bishwe nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro zirenga iminota mikeyi, baraswa urudavagi rw’amasasu n’abantu babategereye mu mayira abiri ari ku Mutumba wa Kavumu ahitwa Jimbi.

Mu miryango itatu iturukamwo abo bishwe, bavuga ko gushika ubu batazi icatumye ababo bicwa,kuko ataco bazi bari bagirizwa kuri uwo mutumba,kandi hari haheze igihe ku mutumba wa Kavumu hari agahengwe.

Abanyagihugu baba ah ku mutumba wa Kavumu basaba abajejwe umutekan kubakingira, bagasaba kandi ko gukura ibigwanisho mu bantu babitunze batabifitiye uburenganzira vyobandanya, kuko vyibonekeza ko bikiriho kandi ari vyinshi.

Umukuru wa Zone Muyira avuga ko amatohoza yamaze gutangura kur’ubwo bwicanyi agasaba abo arongoye kuguma barikanuye, bakadoma urutoke kuri ico cose babonye gifise intumbero yo guhungabanya umutekano.

Abantu batandatu bamaze guhagarikwa na kmiseri w’igipolisi mu ntara ya Bujumbura ku mvo z’amatohoza kur’urwo rupfu rw’abantu batatu.

Abo mu miryango yabo bakavuga ko boba bahagaritswe kubera ari abayoboke ba Agathon Rwasa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.