Kanyosha : Igiporisi cafashe abasuma 4 bibisha imipanga

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 18 Nyakanga 2017 saa 02:22
Yasomwe : 17829
0 0

Abasuma 4 biba bakoresheje imipanga nibo bafashwe n’igiporisi mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana muri karitiye ya Gisyo, muri zone ya Kanyosha, Komine ya Mukaza mu bumanuko b’igisagara ca Bujumbura.

Umuvugizi w’igiporisi Petero NKURIKIYE amenyesha ko abo basuma bafashwe mu gihe bari bahejeje gutemagura bakoresheje imipanga abanyagihugu babiri bo muri ako gace ka Gisyo, aho bivye n’ibidandazwa vy’umwe muri abo babiri batemwe.

Petero NKURIKIYE avuga ko mu giporisi bagiye gukora amatohoza kugira bamenye abandi bantu bakora ubwo bubisha, hamwe n’imvo zituma bakora ubwo bugizi bwa nabi, kuko hariho abantu bamaze gutemagurwa hakoreshejwe imipanga ariko ntibibwe n’ikintu na kimwe.

Umuvugizi w’igiporisi Petero NKURIKIYE ahamagarira abanyagihugu b’aho mu Gisyo kubandanya bakorera mu makomite ahurikiyemwo bose ajejwe umutekano kugira batuze ubwo bibisha.

JPEG - 83.2 ko
Abo basuma bafashwe mu gihe bari bahejeje gutemagura bakoresheje imipanga abanyagihugu babiri bo muri karitiye ya Gisyo,

Mashaka NZISABIRA ari mu bakomerekejwe n’abo basuma avuga ko bamutegereye atashe baca bamusaba gutanga iterefone n’amahera yari afise. Amaze kwanka kubibaha niho baciye batangura kumutemaguza imipanga, abona gutabaza abajejwe umutekano bahashitse badatevye.

Onesphore Bamboneyeho yibwe ibidandazwa vyiwe, yongera arakomeretswa n’abo basuma, avuga ko bamwivye agiye muhira gufungura, nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, agarutse niho yasanze bariko bariba aca aratabaza igiporisi kiri hafi kibona kuza kubatesha.

Mashaka NZISABIRA hamwe na Onesphore BAMBONEYEHO bose basaba abajejwe umutekano ko bokara ibishoboka kugira bashire ikirindiro c’abajejwe umutekano muri ako gace, kugira umutekano ugaruke, bagasaba kandi ko abo bafashwe bohanwa bimwe vy’akarorero hakwirikijwe amategeko, kugira ubwo bugizi bwa nabi buhagarare.

JPEG - 95.1 ko
Abanyagihugu babiri batemaguwe n’abo basuma

Kumenyekanisha

1
Jean Claude 19-09-2017 à 12:40

Nibabakorereko kuko ni abagizi banabi

2
wakera 19-09-2017 à 11:50

Izimbonerakure zizoca zirekurwa ariko zizovamwo zihindukirira basebuja

3
Nsengiyumva Remy 19-09-2017 à 05:25

izo nizambonerakure za Nkurunziza petero babuze wamushahara bemererwa, batanguye kuwironderera mubanyagihugu.
Abo ejo bazoba barekuwa baje gugukora icobatumwe.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha