Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kanyosha : Ikiziga c’umwana catowe mu kazu ka surwumwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Ikiziga c’umwana catowe mu kazu ka surwumwe

Kanyosha : Ikiziga c’umwana catowe mu kazu ka surwumwe

samedi 10 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ikiziga c’umwana w’imyaka ine catowe mu kinogo c’akazu ka sugumwe muri komine Muha, zone Kanyosha, mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura. Uwikekwako ubwo bwicanyi yafashwe, akaba ari mu minwe y’inyamiramabi.

Uwo mwana yatowe ikiziga inyuma y’indwi zirenga zibiri yari amaze yaraburiwe irengero, umubabaro n’agahinda akaba arivyo vyarangwa mu muryango w’uwo mwana, igihe ikiziga ciwe catorwa. Abarongoye zone Kanyosha hamwe n’abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi muri ako karere ico kiziga catowemwo, bafadikanije n’abajejwe umutekano bagerageje gusaba uwo muryango ko wokwihangana, ntuhave utwarwa n’ishavu mu kwihora.

Umuryango hamwe n’ababanyi b’uwo mwana yishwe bagiriza urupfu rw’uwo mwana umwe mu babanyi babo yari yarabagabishije ko azobakorera ikibi muri uwo muryango wabuze, kubera ko bari bakubise imbwa atunze. Uwikekwa ko yishe ariwe yishe uwo mwana ni umunyamahanga aba mu Burundi, ariko avuka mu gihugu c’Urwanda.

Tubamenyeshe ko kugira ico kiziga gitorwe inyuma y’izo ndwi zirenga zibiri zari ziheze, umwe mu baba hafi y’ahatowe ico kiziga avuga ko yabonye isazi ziduma mu muhana w’uwo akekwako ubwo bwicanyi. N’akamoto kabi kumvikana aho hantu hafi y’akazu ka surwumwe karabateye amakenga, ari nakwo guca baja kurabayo, bahasanga ico kiziga cari camaze kwononekara.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.