IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Musitanteri yasohoye ingingo zihuta zo gukomeza umutekano

Kanyosha : Musitanteri yasohoye ingingo zihuta zo gukomeza umutekano

jeudi 26 octobre 2017

Nkuko biri mw’itangazo ryateweko umukono na musitanteri wa komine Kanyosha,ingingo indwi nizo zafashwe kugira hakomezwe umutekano.

Iryo tangazo rivuga ko ubunywero bwose buri ku butaka bwa komine Kanyosha butegerezwa kuba bwugaye kuva isaha zine z’ijoro, kandi ko ata pikipiki irekuriwe kugenda inyuma y’isaha imwe z’ijoro.

Muri iryo tangazo kandi, musitanteri wa komine Kanyosha amenyesha ko kizira ko abinonora imitsi babikorera mu nzira zisanzwe ko bategerezwa kubikorera mu mabarabara gusa, kandi bataririmba indirimbo zirimwo amajambo ahonyanga imico n’akaranga.

Musitanteri wa komine Kanyosha amenyesha kandi ko amazu yerekana amareresi ategerezwa kwugara isaha imwe y’ijoro,kandi ko kizira kuvuza amaradiyo cane inyuma y’isaha zibiri z’ijoro.

Ku bijanye n’abagirira amasengesho mu bibanza bitandukanye,musitanteri wa komine Kanyosha amenyesha ko amasengesho yahora abera mu vyumba abujijwe ,kandi ategerezwa kubera mu masengero azwi, akamenyesha kandi ko kizira gusengera ku misozi miremire ya komine Kanyosha.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.