Karusi : Ikiziga c’umugabo catowe kimanitse ku giti

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 décembre 2017 saa 02:31
Yasomwe : 5886
0 0

Umugabo azwi kw’izina rya NAHIMANA Athanase yatowe ikiziga, bikaba bivugwa ko yiyahuye, inyuma y’umutaga wo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 3 Kigarama 2017, ku mutumba Burenza wa komine Bugenyuzi, intara ya Karusi.

Amakuru ava mu muryango wa Athanase NAHIMANA amenyesha ko bamusanze amanitse ku giti c’ivoka igihe bari bavuye gusenga.

Ayo makuru nyene amenyesha ko bagiye gusenga bamusiga akomeye, ariko batashe basanga yiyahuye akresheje umugozi yambaye impuzu yahora yambara iyo yitavye imanza.

Abo mu muryango wiwe bavuga ko gushika ubu bataramenya icatumye yiyahura, mu giporisi naho bakamenyesha ko bamaze gutangura amatohoza.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha