Accueil > Amakuru > umutekano > Karusi : Umugabo yishe ababanyi biwe batandatu nawe aca ariyahura
Karusi : Umugabo yishe ababanyi biwe batandatu nawe aca ariyahura
mardi 10 Gitugutu 2017, par
Umushikirizamanza mukuru w’intara ya Karusi, HARERIMANA François aremeza ayo makuru, akamenyesha ko uwakoze ubwo bugizi bwa nabi nawe yaciye yiyahura akoresheje umugozi (yimanitse ku giti).
Ubwo bwicanyi bwabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, aho uwitwa Ntirandekura Claude w’imyaka 24 yaturira amazu 11 yahitanye abantu batatu bahiriye mu nzu, abandi batatu abica abatemaguye n’umupanga.
HARERIMANA François, umushikirizamanza mukuru w’intara ya Karusi yemeza ko amatohoza yatanguye kugira bamenye icatumye uwo mugabo agandagura abo bantu.
Mu giporisi bamenyesha ko uwo yishe abo bantu yari yiriwe aranywa inzoga, bikavugwa ko abo yagandaguye yabagirije uburozi. Mu matohoza ariko arakorwa n’igiporisi, abantu indwi nibo bamaze gufatwa, harimwo n’umukuru w’umutumba ubwo bwicanyi bwabereyeko, yagirizwa ko atatabarije abariko baturirirwa mu nzu, abandi batemazwa umupanga.
Egide NDUWIMANA
Messages
12 Gitugutu 2017, 10:17, par Kararuza
Ntakaraba, erega iryo n’iragi rya Peter na CNDD-FDD