Karusi : Umuporisi yapfuye arashwe na mugenzi we

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 26 février 2018 saa 09:20
18825
0 0

Umuporisi umwe yaritavye Imana arashwe n’umuporisi mugenzi we ,mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2018,nk’igihe c’isaha zibiri n’igice z’ijoro, ku murwa mukuru w’intara ya Karusi.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko APC NTUNGWANAYO Renovat , yitavye Imana inyuma yo gukomeretswa bikomeye na APP MASABIRE Severin, igihe yarasa amasase menshi ayatumbereza mu rugo iwe.

Ayo makuru nyene amenyesha ko, APP MASABIRE Severin asanzwe akorera mu gisata kijejwe kurwanya impanuka yari aborewe cane igihe yatangura kurasa, umugore wiwe amaze kubimenyesha abaporisi, baje gutabara niho yaca arasa APC NTUNGWANAYO Renovat, aramukomeretsa cane, aca yitaba Imana amaze gushikanwa mu bitaro vy’i Karusi.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE , amenyesha ko APP MASABIRE Severin yikitse inyuma y’umuzimiza, yaciye ahunga, ariko inkoho yiwe ikaba yamaze gufatwa, nawe akaba ariko araronderwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha