Karusi: Umwe yapfuye 50 barakomereka baturiwe n’igitoro

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 11 Gitugutu 2017 saa 08:08
Yasomwe : 22266
0 0

Umuntu umwe niwe amaze kumenyekana ko yapfuye, abashika 50 nabo barakomereka mw’isanganya ry’imodoka itwara igitoro ryabereye ku mutumba Kigarama, zone Nyabibuye,komine Shombo mu ntara ya Karusi ku muhingamo wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 10 Gitugutu 2017.

Amakuru ava aho mu Kigarama amenyesha ko iyo modoka yatembagaye abanyagihugu baca baja kuvoma igitoro, ariko ica ifatwa n’umuriro irasha ari naho abo bari baje kuvoma ico gitoro bahiriye.

Musitanteri wa komine Shombo Pierre Claver KANTAZI aremeza ayo makuru, akamenyesha ko bamwe mu bakomeretse baciye bajanwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Karusi abandi batwarwa kw’ivuriro ritoya ry’i Nyabibuye.

Buramatari w’intara ya Karusi Calinie MBARUSHIMANA amenyesha ko bamwe mu bakomeretse bajanywe mu bitaro bikuru vy’intara ya Gitega.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Pierre NKURIKIYE aremeza ayo makuru, akamenyesha ko umuntu umwe yapfuye , 50 barakomereka, mur’abo 15 bakaba bababaye cane.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha