Accueil > Amakuru > umutekano > Kayanza : Abagabo babiri bivugwa ko ari abasuma bishwe barashwe (...)
Kayanza : Abagabo babiri bivugwa ko ari abasuma bishwe barashwe n’abaporisi
lundi 18 Nyakanga 2017, par
Abo bagabo bishwe bari mu murwi w’abitwaje inkoho bivugwa ko bari abasuma bategerewe n’abajejwe umutekano bagiye kwiba.
Abishwe ni NSAGUYE Eric, hamwe n’uwutwa Janvier, nk’uko amakuru dukura aho mu ntara ya Kayanza abivuga.
Inkoho zibiri abo bantu bari bafise zafashwe, ariko abandi bantu bari kumwe muri uwo murwi bivugwa ko wahora wibisha inkoho muri komine Butaganzwa intara ya Kayanza, hamwe no muri zone Mubogora, no muri komine Mbuye, intara ya Muramvya bakaba batarafatwa.
Mu giporisi mu ntara ya Kayanza bamenyesha ko ibikorwa vy’ukurondera abandi bari muri uwo murwi w’abasuma bibisha inkoho.
Egide NDUWIMANA