Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kayanza : Abagabo babiri bivugwa ko ari abasuma bishwe barashwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kayanza : Abagabo babiri bivugwa ko ari abasuma bishwe barashwe (...)

Kayanza : Abagabo babiri bivugwa ko ari abasuma bishwe barashwe n’abaporisi

lundi 18 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo bagabo bishwe bari mu murwi w’abitwaje inkoho bivugwa ko bari abasuma bategerewe n’abajejwe umutekano bagiye kwiba.

Abishwe ni NSAGUYE Eric, hamwe n’uwutwa Janvier, nk’uko amakuru dukura aho mu ntara ya Kayanza abivuga.

Inkoho zibiri abo bantu bari bafise zafashwe, ariko abandi bantu bari kumwe muri uwo murwi bivugwa ko wahora wibisha inkoho muri komine Butaganzwa intara ya Kayanza, hamwe no muri zone Mubogora, no muri komine Mbuye, intara ya Muramvya bakaba batarafatwa.

Mu giporisi mu ntara ya Kayanza bamenyesha ko ibikorwa vy’ukurondera abandi bari muri uwo murwi w’abasuma bibisha inkoho.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.