Kayanza : Abasirikare babiri mu bacunga umukuru w’igihugu boba bitavye Imana mw’isanganya ry’imodoka

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 11 décembre 2017 saa 11:20
55545
0 0

Abasirikare babiri nibo boba bitavye Imana mw’isanganya ry’imodoka zibiri za gisirikare ryabereye ku mutumba Kabuye, hafi y’umurwa mukuru w’intara ya Kayanza, kw’ibarabara riva mu Kayanza rija mu ntara ya Ngozi.

Amakuru ava mu ntara ya Kayanza, amenyesha ko imwe muri izo modoka ari imodoka nini yo mu bwoko bwa DAF itwara abasirikare bacungera umukuru w’igihugu, iyindi nyo ikaba ari Pick Up y’igisirikare igendanira umukuru w’igihugu.

Amakuru dukesha abari hafi y’ahabereye ayo masanganya abiri, amenyesha ko abasirikare babiri aribo boba baciye bitaba Imana, mu gihe abandi bataramenyekana igitigiribakomeretse, harimwo abababaye.

Baba aboba bitavye Imana canke abakomeretse, baciye bajana mu bitaro vy’intara ya Kayanza, abandi bajanwa mu bitaro vy’intara ya Ngozi.


Kumenyekanisha

1
Hafsa 12-12-2017 à 08:44

Abakorera Herode nuko nyene bazohera,na bado

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha