Kayanza : Gerenade yakorekeje bikomeye abantu indwi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 1er Rusama 2018 saa 08:23
18285
0 0

Abantu indwi nibo bamaze kumenyekana ko bakomerekejwe bikomeye na Gerenade yatewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha imwe, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.

Iyo Gerenade yatewe ku mutumba Karurusi, zone Mbirizi, komine Gatara, intara ya Kayanza.

Nk’uko mu giporisi c’Uburundi babivuga, uretse abo bantu indwi bakomeretse bikomeye, abandi umunani barakomeretse bisanzwe.

Mu giporisi bashikiriza ko umuntu umwe yikekwa ko ariwe yateye iyo Gerenade yahagaritswe ku mvo z’amatohoza, uwo nawe akaba ari umusirikare w’Uburundi yahora kugarukana amahoro mu gihugu ca Somalie. Abanyagihugu bamwiketse kubw’amajambo yamye ababwira kuri munsi w’Imana w’indwi iheze.


Kumenyekanisha

1
SIYOMVO 1er-05-2018 à 21:26

AMATOHOZA KWIYO GERENADE YATEWE NAKORE ARIKO KWIKEKA SIVYO ARI ABAZIRA UBUSA IMANA NIYONKURU

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha