IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kayanza: Umunywanyi wa FNL irongowe na Agathon Rwasa yakomerekejwe

Kayanza: Umunywanyi wa FNL irongowe na Agathon Rwasa yakomerekejwe

mercredi 15 Ntwarante 2017

Umunywanyi w’umugambwe FNL urongowe na Agathon yarakomeretse atemaguwe n’imipanga mw’ijoro ryo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 14 Ntwarante,umwaka wa 2017 ku mutumba Nyabibuye ,uri muri komine Butaganzwa ,intara ya Kayanza.

Amakuru ava aho ku mutumba wa Nyabibuye ,amenyesha ko hari igihe c’isaha zibiri n’igice zishira isaha zitatu,igihe umuntu ataramenyekana yategera Salvator Nzobonimpa ariko arataha ku muhana iwe.

Ayo makuru nyene amenyesha ko uwategereye Salvator Nzobonimpa yamukubise akoresheje umupanga ivyatumye akomereka, gushika aho ajanwa kw’ivuriro.

Ayo makuru aremezwa n’abajejwe intwaro hamwe n’abajejwe umutekano muri komine ya Butaganzwa, bakamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira bameneye uwakoze ubwo bubisha.


IGIHE

Messages

  • None twoca twemeza ko yazize ko ur’umunywanyi wa FNL ya Rwasa. Izo ngereka ndondozi mushira ku mazina y’abantu ni mbi cane. Ko amatohoza ataco arerekana, mwari mukwiye kuvuga ko yakometekejwe numugizi wa nabi gusa. Twe tubona ko muriko muradukangurira kwumva ko abayoboke ba Rwasa Agathon babangamiwe mu Burundi. Ariko siko biri. Abantu bashobora kugwa mu mutego w’umwansi batawuteguye, bitavuye ku mugambwe barimwo. Burya mwebwe abamenyeshamakuru mumeze nk’abahinga mu kubarira imyambaro. Murazi ukuntu mutabagura ibitambara mukamenya no kubitetanya. Ariko rero hariho ivyo muzoteranya bikabagora. Murantunga.

  • Abaciyunvira Ubwinyi Bakwiye Kwikebuka Mbe Wishe Umuntu Kandi Nawe Uzopfa Ntabwoba Wumva Abarundi Mukwiye Kwihana

  • Imana Nitabare Uburundi Nabarundi! Ntakuryana Nkibikoko! NiBikebuke BIHANE "ITARAZA KWIMARA ISHAVU NKI SODOMU NA GOMORA BAMAZWE NUMURIRO KUBWO KUTUMVIRA"

  • Mubisanzwe Muhire( Pardon Nimbufisuruhara Murubwobugizi Bwanabi),kuvuga Ivyashikiyumuntu Ukavuga Namabangajejwe Ntacobitwaye. Ahubwo Ngmwikebuke

  • Ubwicany Harabant babugiz Umwuga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.