IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Faratiri Marc NIBASUMBA yoba yiyahuye

Faratiri Marc NIBASUMBA yoba yiyahuye

lundi 24 Mukakaro 2017

Amakuru atangwa n’abegereye iyo seminari avuga ko Marc NIBASUMBA yiyahuye mu gihe abo babana muri seminari ntoyi y’i Mpika bari bitavye ibirori vyo kwimika abasaseredoti n’abadiyakoni bashasha vyabereye kuri Paruwasi y’i Butwe, i Matana muri Diyoseze ya Bururi.

Amakuru ava ku begereye Faratiri Marc NIBASUMBA avuga ko yari asanzwe afitaniye ingorane n’umuryango wiwe, ko vyoba biri mu vyatumye yiyahura.

Faratiri Marc NIBASUMBA yari ahejeje icirwa ca "Philosophie", akaba yagira atangure "Theologie".

JPEG - 18.3 ko
Faratiri Marc NIBASUMBA yoba yiyahuye

Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Ni tumusabire kuko urumvako umusaraba wiwe vyamunaniye kuwikorera. Ikindi ni kumenyako gukurikira no kwigana Yezu Kristu bisaba kwitanga wese.Nta marira, nta bibazo,....vyoza bigukura ku rukundo rw’Imana...na kare kuyimenya ni bwo buzima...impera nayo ingana nivyo wabivye. Imana itubabarire aho hose tuyishayako tubitumwe na shetani.

  • yezu Ati: Uwihanganira Imiruho Yo Mwisi Agashika Kwiherezo Uwo Niwe Azotsinda ,faratiri Nti Yari Kwiyahura Inkomezi Za Shetani Zamuganjije Umukama Numunyakigongwe Namubabarire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.