Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kenya : Umugore yihereje ibarabara afise icapa c’ukurondeza uwomubera (...)
Kenya : Umugore yihereje ibarabara afise icapa c’ukurondeza uwomubera umugabo
mercredi 23 Myandagaro 2017, par
Pris Nyabura, umugore w’imyaka 28 aturuka mu gihugu ca Kenya, niwe avugwa n’ibimenyeshamakuru bitandukanye vy’aho muri ico gihugu. Pris Nyabura yihereje amabarabara y’i Nairobi ari kumwe n’umwana wiwe w’umukobwa.

Yambaye impuzu nk’iz’umugeni, yari afise icapa canditseko amajambo akurikira :" Ndipfuza umugabo, mfise imyaka mirongo ibiri n’umunani (28), mfise kandi akigeme k’imyaka 7".
Kuri ico capa nyene, Pris Nyabura yashizeko n’inomero za terefone yiwe, kugira uwomukenera amutore bitagoye.
Amakuru atangwa na BBC amenyesha ko hari abagerageje guhamagara kuri izo nomero yatanze, ariko bikumvikana ko ariko avugana n’uwundi muntu (occupé).
Bamwe bakibaza ko hoba hari abagabo bumvise akamo kiwe.

Cherif NKESHIMANA
Messages
23 Myandagaro 2017, 14:34, par nephtalie
yooho ivyanditswe birashitse yuko abakobwa cumi bazoshaka umugabo umwe mu misi y’iherezo.Bibiliya iravuga ko hazoza utwumiza .Jew mbona ari ibimenyetso vy’ibihe .Tube maso turorere databuja kuko umwami imana ntitebeje isezerano ryayo uko bamwe biyumvira ko iritevya .
28 Gitugutu 2017, 06:29, par hitimana
none Uwambere YAgiyehe Hoho Ashaka Umugabo Yatwara Numwana Wiwe Canke Yagenda Wenyene Bacumugani Mukirundi Ngo Wiba Uhetse Ukiza Uwuri Mumugongo Urumvako Yariko Yigisha Umwana Yari Gutuma Yandika Canke Agaca Kuma Fec Imana Yaramutegekani Rije Umugabo Ntiyo Mubuze Murakoze