Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Umugore yihereje ibarabara afise icapa c’ukurondeza uwomubera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kenya : Umugore yihereje ibarabara afise icapa c’ukurondeza uwomubera (...)

Kenya : Umugore yihereje ibarabara afise icapa c’ukurondeza uwomubera umugabo

mercredi 23 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Pris Nyabura, umugore w’imyaka 28 aturuka mu gihugu ca Kenya, niwe avugwa n’ibimenyeshamakuru bitandukanye vy’aho muri ico gihugu. Pris Nyabura yihereje amabarabara y’i Nairobi ari kumwe n’umwana wiwe w’umukobwa.

Yambaye impuzu nk’iz’umugeni, yari afise icapa canditseko amajambo akurikira :" Ndipfuza umugabo, mfise imyaka mirongo ibiri n’umunani (28), mfise kandi akigeme k’imyaka 7".

Kuri ico capa nyene, Pris Nyabura yashizeko n’inomero za terefone yiwe, kugira uwomukenera amutore bitagoye.

Amakuru atangwa na BBC amenyesha ko hari abagerageje guhamagara kuri izo nomero yatanze, ariko bikumvikana ko ariko avugana n’uwundi muntu (occupé).

Bamwe bakibaza ko hoba hari abagabo bumvise akamo kiwe.


Cherif NKESHIMANA

Messages

  • yooho ivyanditswe birashitse yuko abakobwa cumi bazoshaka umugabo umwe mu misi y’iherezo.Bibiliya iravuga ko hazoza utwumiza .Jew mbona ari ibimenyetso vy’ibihe .Tube maso turorere databuja kuko umwami imana ntitebeje isezerano ryayo uko bamwe biyumvira ko iritevya .

  • none Uwambere YAgiyehe Hoho Ashaka Umugabo Yatwara Numwana Wiwe Canke Yagenda Wenyene Bacumugani Mukirundi Ngo Wiba Uhetse Ukiza Uwuri Mumugongo Urumvako Yariko Yigisha Umwana Yari Gutuma Yandika Canke Agaca Kuma Fec Imana Yaramutegekani Rije Umugabo Ntiyo Mubuze Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.