Kibenga : Igiporisi c’Uburundi cafashe ibidandazwa vya megendu

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 9 janvier 2018 saa 09:07
Yasomwe :
0 0

Ibidandazwa vya magendu bigizwe n’ibitenge 182 hamwe n’inzoga z’injabuka vyafashwe n’igiporisi muri karitiye ya Kibenga, Zone Kinindo mu gisagara ca Bujumbura.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano,Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko ivyo bidandazwa vya magendu vyafashwe isaha zitandatu n’igice z’ijoro buca ari ku munsi wa mbere igenekerezo rya 8 Nzero 2018 hafi y’ubunywero bita Sagavodo muri zone ya Kinindo .

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko ivyo bitenge vyari mu mifuko 4 inzoga nazo zitekeye mu makarato 2.

Iruhande y’Imodoka yari ipakiye ivyo bidandazwa yafashwe,uwo avugira igiporisi avuga ko hari iyindi modoka nayo nyene yarimwo ibidandazwa vya magendu abajejwe umutekano bakirondera .

Mwomenya ko atari irya mbere, muri ako gace ka Kinindo,ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika hafatirwa ibidandazwa vya megendu, kuko mu mwaka uheze hari ibindi bitenge vyafashwe bivugwa ko vyari bivuye mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.


Kumenyekanisha

1
kankindi 9-01-2018 à 14:05

muraguyeko. izonjabuka ca muzinywera muce mutamba lacky dube

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha