IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kibenga : Umuntu bivugwa ko ari umusuma yarashwe n’abaporisi

Kibenga : Umuntu bivugwa ko ari umusuma yarashwe n’abaporisi

jeudi 13 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuntu umwe yishwe muri karitiye ya Kibenga bita rural, uwo yishwe akaba yahitanwe n’amasasu y’abaporisi. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko ari umusuma ari mu murwi w’abibisha imipanga mw’ijoro muri iyo karitiye.

Ayo masasu yarashwe n’abaporisi mu Kibenga, mu gihe bariko bakurikirana abo basuma batatu bitwaje imipanga, nk’uko vyashikirijwe na OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Uwo avugira igiporisi yamenyesheje ko uwishwe azwi kw’izina rya Regis, yahora aba aho nyene mu Kigenga, akaba ariko yari yimukiye mu Kamenge.

"Yari mu baheruka kurekurwa ku kigongwe c’umukuru w’igihugu, akaba yari kumwe n’abandi basuma babiri baje kwiba n’imipanga. Bahora bategera abantu kugira babibe.", uko niko umuvugizi w’igiporisi yabishikirije.

Mu giporisi basaba abanyagihugu ko boza baratanga amakuru ku bajejwe umutekano kugira iyo mirwi y’abasuma ituzwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.