Incamake

Kinama : Umuhungu n’umukobwa bakomerekejwe na gerenade

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 24 mars 2018 saa 10:36
13650
0 0

Umuhungu n’umukobwa barakomerekejwe na gerenade yatewe,muri zone Kinama, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Ntwarante 2018.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko iyo gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, kw’ibarabara rya gatandatu, riri muri quartier Bubanza, muri zone Kinama.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko, uwo muhungu n’umukobwa batewe iyo gerenade n’umuntu ataramenyekana, igihe bariko baganirira mw’ibarabara, baca barakomereka.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko uwo mukobwa n’umuhungu baciye bajanwa kuvurirwa, ku bitaro vy’abaganga batagira imbibe, muri quartier ya Kigobe, mu gisagara ca Bujumbura.


Kumenyekanisha

1
MANGOMBO 26-03-2018 à 09:27

Mutohoze neza kuko iryo barabara ntaribaho muri Karitiye Bubanza.

2
Niyukuri mkombozi 24-03-2018 à 22:34

Jewe kwizina ryu Umurundi ndarira nkongera nkababarizwa umutima nsomye amakuru amwamwe ndababara nkaca ndumva umengo ndorira none uwakoz akokabi kabishe ntawo murashobora kufata ?none hoho nibande ?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha