Kinama : Umuntu atamenyekanye yishwe akerewe izosi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 7 mai 2018 saa 12:43
Yasomwe :
0 0

Ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe mu gatondo ko kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 7 Rusama 2018, mu murima w’umuceri uri mu Buhinyuza, muri zone ya Kinama, komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.

Nkuko amakuru dukesha ababa hafi yaho hatowe ikiziga, uwo muntu yatowe yakuweko umutwe, yambaye agahuzu ko munsi konyene, mu mugongo hari urupapuro rwanditse ko "Gahanga wishwe ni iki ?"

Ayo makuru nyene, amenyesha ko abishe uwo muntu baciye bagenda batwaye uwo mutwe wiwe, hamwe n’impuzu ziwe.

Mu giporisi bavuga ko baza kugira ico bavuze kuri uwo muntu yitavye Imana, mu wundi mwanya, ni ikuru tuguma tubatohoreza.


Kumenyekanisha

1
Inkona Ntiyaruzwa 8-05-2018 à 21:30

Ooooh ?Abicisah Inkot Baragow Iman Niy Izoc Urubanz.

2
BOSCO 8-05-2018 à 00:48

yoooo imana idutabare umuntu asigaye akererwa nkimpene ?imana izohora ayomaraso aseserwa ubusa

3
Télésqhore Ngendakumana 7-05-2018 à 22:11

Namba Babaye bamwe bicayezu Imana Imwakire

4
NGENDAKUMANA Télésqhore 7-05-2018 à 21:36

Haragowe Abica Baziko Nabobazopfa. Imana Izocurubanza

5
Emma 7-05-2018 à 14:02

TWABAY UDUKOKO PE PE !<<UWICISH INKOTA AZOKWICWA N INKOTA>>NON GUHANURA NTIBIKIBAHO NIMBA YARI YAMENY IBANGA !<UTA INKOKO NTUTA ICO YABITS>KWICA UMUHEMU SIW MUTI>LERO NAHIMANA

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha