Kinindo : Umugabo yigeze kuba akorera ibanki BRB yishwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 15 juin 2017 saa 12:45
Yasomwe : 20682
0 0

Umuntu azwi kw’izina rya HAKIZIMANA Aimable agandaguwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bamurashe ageze kw’ibarabara ryitiriwe Muzinda, nomero 26, muri karitiye ya Kinindo mu gisagara ca Bujumbura.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abagandaguye uwo mugabo bari bamukurikiranye, bamurasa ageze ku rugo rwiwe, nk’igihe c’isaha zitanu n’iminota mirongo itatu, kuri uwu wa kane.

Abagandaguye uwo muntu bamwivye n’amafaranga ataramenyekana igitigiri.

Aimable HAKIZIMANA yagandaguwe yari umukukuruke yahora akorera ibanki nkuru y’igihugu (BRB : Banque de la Republique du Burundi)


Kumenyekanisha

1
Wakera 16-06-2017 à 04:47

uwu yishe nazankorabara ( imbonerakure) zifata abakenyezi n’abakobwa kunguvu ngo bavyare interahamwe ! Zizopfa zangara

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha