Kiriri: Umuganga wo ku bitaro Kira Hospital yatowe ikiziga

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 3 Mukakaro 2017 saa 02:58
Yasomwe : 24660
1 0

Umuganga abaga ava mu gihugu c’Ubutariyano Franco de Simoné yatowe ikiziga ku muhana iwe aho yari asanzwe aba muri quartier ya Kiriri,kuri uno wa mbere igenekerezo rya 3 Mukakaro 2017.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter,umuvugizi w’igipolisi Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko Franco de Simoné yitavye Imana inyuma yo gukubitwa ikintu kitamenyekanye.

Umuvugizi w’igipolisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko umukenyezi umwe yamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.

Franco de Simone yahora akora mu bitaro Kira Hospital.


Kumenyekanisha

1
BUSURAHENDE 4-07-2017 à 13:42

Iyo ataba afise urukoba rwera bovuze bati: "Hari ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe muri..."

2
BUSURAHENDE 4-07-2017 à 13:29

Ivyo muri ico gihugu biragoye cane. Uravye abashimiwe ku musi mukuru w’Ukwikukira k’Uburundi n’ivyahavugiwe uca ubona ko ejo atari heza.

3
jean marc burundi 4-07-2017 à 08:10

ahaaaaaa noneho ivyanyu vyabatekurukanye mu maze guhaga amaraso yabene burundi none musimbiye no ku banyaburayi baje kubafasha muragandagura, aba dd mwaravumwe ayo maraso mumena azobahumira. uwo mutaliayano ajanye na babakira bo mu kamenge nzobandora......

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha