Kirundo: Abantu 200 birukanywe mu Rwanda

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 6 July 2018 saa 10:00
25965
0 0

Abarundi 200 nibo bakiriwe mu Burundi baciye k’urubibe rwo mu Gasenyi mu ntara ya Kirundo inyuma yo kwirukanwa mu gihugu c’Urwanda.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya Ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako abo bantu baciye barungikwa mu mihana yabo ariko 25 bagizwe n’urwaruka bakiri mu minwe y’igiporisi c’inyamiramabi mu ntara ya Kirundo kugira bamenye umwidondoro wabo.

Ayo makuru amenyeshako abantu 57 bava muri komine Busoni,42 muri komine Bugabira,26 muri komine Kirundo,10 muri komine Bwambarangwe ,4 muri komine Ntega,6 bo muri komine Gitobe,6 muri komine Vumbi.

Abandi 45 nabo mu ntara ya Muyinga,umwe wo mu ntara ya Ngozi,2 bava i Karusi hamwe n’umwe wo mu ntara ya Cankuzo.

Abo bantu birukanywe mu gihe haciye umusi umwe hari abarundi 16 birukanywe murico gihugu nyene.


Kumenyekanisha

1
Khaji Rurindije 8-07-2018 à 14:42

Kaze Banya Muyinga Biwacu Tubane Muma Horo Ahubwo Vyasabwa Nabari Muri Tanzanie Vyase Ko Bataha Ko Birukanwa Nkabo Nyene

2
lg 7-07-2018 à 20:29

niba badafite ibimerera kuba mu Rwanda ni basubire iwabo none se ikibazo nikihe! !

3
cedrick 7-07-2018 à 07:14

Andika hano BIRUKANTWE KUBE RA IKI ? MURAKOZE!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha