Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Imiti yari itwawe mu kibanza c’imoteri mu modoka yafashwe
Kirundo : Imiti yari itwawe mu kibanza c’imoteri mu modoka yafashwe
mardi 16 janvier 2018
Amakuru dukesha umuvugizi w’igiporisi,Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko nk’igihe c’isaha zine z’igitondo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2018, ariho iyo modoka yafatwa.
Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi, amenyesha ko iyo modoka yadutsemwo umuriro, mu gihe bari baje kuyizimya buguruye mu ruhande rurimwo imoteri, baca basangayo imiti itandukanye.

Pierre NKURIKIYE amenyesha ko iyo modoka yaciye ifatwa na mweneyo azwi kw’izina rya INDEPENDANCE Leonard aca arahagarikwa ku mvvo z’amatohoza.
- Leonard INDEPENDANCE , yafatanywe imiti mu modoka


MUGISHA Van Naris
Messages
16 janvier 2018, 19:02, par Bibonimana Cyprien
Uwo Mugabo Nahanwe Kuko Urwanda Ntiturwizeye Kuko Wosanga Bamuhaye Imiti Yatayagihe Abayiguze Bagahona Niharambe Igipori C’uburundi.Kir
20 janvier 2018, 07:07, par Ngendakumana Leonce "alias Tete"
Birakwiye Ko Hofatwa Ingingo Ruhasha Ihana Abo Basuma,il Faut Yuko Haba Correction Exemplaire Vrmnt