Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Umugabo yishe abana biwe batatu nawe aca ariyahura
Kirundo : Umugabo yishe abana biwe batatu nawe aca ariyahura
samedi 7 Ndamukiza 2018, par
Iryo bara ryabaye kuri uwu wa gatanu, abajejwe intwaro muri komine Busoni akaba aribo baje gukura ivyo biziga mu nzu.
Abo bana bagandaguwe umwe yari afise imyaka umunani, uwa kabiri imyaka itanu, uwa gatatu nawe umwaka umwe. Abajejwe intwaro bamenyesha ko batashoboye kumenya igituma uwo mugabo yishe abana yivyariye, nawe yongera ariyahura yimanitse ku mugozi.

Amakuru ava aho muri komine Busoni ariko ataremezwa n’abajejwe intwaro amenyesha ko uwo mugabo yari mu bukene budasanzwe, aho atari akironka ico agaburira abo bana, mbere n’umugore wiwe nyina w’abo bana akaba yaheruka kwahukana muri urwo rugo.
Egide NDUWIMANA
Messages
7 Ndamukiza 2018, 20:47, par Niyonkuru abuba
Yoooo abobana imana ibakire .abafise igtekerezo nkico nibacikuremwo imana niyoitanga amafunguro
7 Ndamukiza 2018, 20:48, par Niyonkuru abuba
Yoooo abobana imana ibakire .abafise igtekerezo nkico nibacikuremwo imana niyoitanga amafunguro ndi abuba mumaramvya kumunazi
8 Ndamukiza 2018, 16:31, par niyungeko sositeni
biteyagahind kbx
8 Ndamukiza 2018, 18:04, par Ndayihimbaze Egide
Ndatuntujwe n,’abo bana ntaco nokora ark Imana ibakire.
9 Ndamukiza 2018, 05:24, par Elias Kwizera
Mana Abo Bana Ubakire Kuku Bapfuy E Ataco Bazira Ababuze Ubahe Ukwihangana
9 Ndamukiza 2018, 08:10, par lg
Abicanyi na bajura mujye mu berekana baragare, nta mpamvu yo kubagirira. ibanga mutekana, amasura yabo