Kirundo : Umuhungu yishe umwana wiwe amuhaye umuti wica imbeba

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 7 février 2018 saa 09:12
18930
0 0

Abahungu babiri bari mu minwe y’inyamiramabi muri komine Bugabira, intara ya Kirundo, bagirizwa gufashanya mu kwica umwana w’umwe muri bo, kugira yereke umukobwa bashaka kwubakana ko akiri umusore.

Abo bahungu babiri ni MANIRAKIZA Ezechiel se w’umwana yahawe umuti wica imbeba, hamwe n’umuhungu azwi kw’izina rya HARIMENSHI yagirizwa kwosha MANIRAKIZA Ezechiel, ngo yice umwana wiwe azwi kw’izina rya Jean Marie NDAYIRAGIJE w’umwaka umwe n’amezi atandatu.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano,MANIRAKIZA Ezechiel yafashwe kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Ruhuhuma, afatirwa ku mutumba Rugasa, wa komine Bugabira, intara ya Kirundo.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko uko ari babiri bapfungiwe mu gasho k’inyamiramabi, bakaba bariko barumvirizwa.


Kumenyekanisha

1
bizimana 7-02-2018 à 10:29

Uwomuntu yarakwiye guhanwa vyakarorero kuko natahanwa nabandi bazovamwo babikora ariko kandi ibintu biri kubera kubutaka bwuburundi numuvumo kuko ntamuntu nkivyo vyigeze bibaho iryo nibara kumutemere nukuri abarundi twaridukwiye kwikebuka kuko ibihe turimwo nivyo dukora nibara imbere y’IMANA yaturemye

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha