Kirundo : Umuntu umwe yakomerekejwe na Gerenade

Yanditswe na IGIHE
Kuya 8 septembre 2016 saa 01:33
Yasomwe : 17046
0 0

Umuntu umwe yakomerekejwe n’igisasu ntezwaminwe (Grenade) yatewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, muri komine Busoni, mu ntara ya Kirundo. Abantu babiri bafashwe ku mvo z’amatohoza.
Ico gisasu (Grenade) catewe ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu, nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro, mu nzu y’ubudandaji (Kiosque) iri aho muri komine Busoni. Umuntu umwe yariko aradandariza muri iyo nzu yarakomeretse, akaba ariko arivuza. Iyo nzu y’ubudandaji yaciye isha.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi OP1 Pierre (...)

Umuntu umwe yakomerekejwe n’igisasu ntezwaminwe (Grenade) yatewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, muri komine Busoni, mu ntara ya Kirundo. Abantu babiri bafashwe ku mvo z’amatohoza.

Ico gisasu (Grenade) catewe ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu, nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro, mu nzu y’ubudandaji (Kiosque) iri aho muri komine Busoni. Umuntu umwe yariko aradandariza muri iyo nzu yarakomeretse, akaba ariko arivuza. Iyo nzu y’ubudandaji yaciye isha.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abantu babiri bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.

Iyo gerenade igize kabiri itewe kuri iyo nzu nyene y’ubudandaji, mu kiringo c’amezi ane.


Kumenyekanisha

1
arexandre 12-09-2016 à 12:32

abagizi banabi nibeshi kandibava mumice itandukanye kudoma urutoke kumugwirunaka habaye nkikibazo ahantu sivyiza bantu mutavugarumwe nareta mukwandika ivyiyumvirovyanyu zamuritonda mubanze mutohoze neza kukomuburundi muguhana uwakoze ikibi ntibareba ubwoko canke umugwi runaka

2
issa namba 12-09-2016 à 10:55

mbabarira murène kwicana sivyiza ndumunyakirundo MBA mumahanga inyarunazi komera

3
issa 12-09-2016 à 10:46

kobadashirako agace ni akahe ?

4
Mbonimpa Jean 10-09-2016 à 22:08

Abafahwenukubahana

5
Gilbert Sindayigaya 10-09-2016 à 09:28

Basha Kabisa Kuriyisi Abantu Barakwiye Kumenya Ko Ata muntu Numwe Afise Uburenganzira Bwo Kuzimanganya Ubuzima Bwa Mugenziwe Birababaje Cane

6
Nzeyimana 9-09-2016 à 07:29

Ayo magerenade mwahaye izo mbonerakure azobandanya yihinkumbi, nayabo bafashwe nabari basazwe bakwa mwababoneyeho. kuko umwansi iyakoze ikibi ubwo nyene nikumutangatanga ukamufata, bitaruko akazi kabakakunaniye. turabimenyereye kubona abantu bintungane, bazira kuba batari mumugabwe CDD FDD, bazimangana bandi baboreye mubusho butandukanye,uburundi bwara pfuye kugira buzosubire kuzuka sinzi na hi Mana.

7
Parena 8-09-2016 à 16:23

C’est API sans faute

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha