IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > umutekano > Kirundo: Umuntu umwe yishwe uwundi arakomereka mu gitero c’abasuma

Kirundo: Umuntu umwe yishwe uwundi arakomereka mu gitero c’abasuma

Saturday 7 July 2018, by vianney

Amakuru dukesha umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza, Pierre NKURIKIYE amenyeshako abo basuma bitwaje ibigwanisho bateye bari kw’ipikipiki mu bunywero bw’uwo batazira KAYIZERA barasa abari murubwo bunywero baca bakomeretsa nyene bwo KAYIZERA hamwe na Jean Berchimas NZIRUBANJE yaciye yitaba Imana.

Pierre NKURIKIYE amenyeshako uwo yakomeretse ubu ari mu bitaro vyo mu ntara ya Ngozi ,ikiziga c’uwapfuye naco kiri mu buruhukiro bw’ibitaro vya Kirundo.

Uyo avugira ubwo bushikiranganji amenyeshako abo basuma imbere yuko bahunga bagiye bivye amafaranga ataramenyekana igitigiri kandi ubu amatohoza aza yatanguye.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.