Makamba : Abanyarwanda babiri bafashwe n’uwutwara iperereza

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 12 Mukakaro 2017 saa 02:01
Yasomwe : 13617
0 0

Igiporisi co mu ntara ya Makamba cafashe kuri uwu wa kabiri Abanyarwanda babiri bafatiwe muri komine Mabanda, mu ntara ya Makamba.

Mu giporisi mu ntara ya Makamba bamenyesha ko abo banyarwanda babiri bafashwe mu gihe bari bavuye mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, binjira ku butaka bw’Uburundi baciye mu Gatumba, ku rubibe Uburundi buhana na Congo.

Abo banyarwanda babwiye igiporisi ko baciye mu Burundi bariko barondera kwinjira muri Tanzaniya. Abajejwe umutekano aho mu ntara ya Makamba bakaba babataye muri yompi ku mvo z’amatohoza ku vyangombwa vy’abo banyarwanda bafashwe n’uwutrwara iperereza mu ntara ya Makamba.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha