Makamba: Ikiziga c’umwana catowe mu kinogo gishikiramwo umwanda

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 14 Nyakanga 2017 saa 09:16
Yasomwe : 8577
0 0

Umwana w’umwaka umwe n’amezi umunani wo muri quartier Makamba 2, ku murwa mukuru w’intara ya Makamba, yatowe ikiziga mu kinogo gishikiramwo umwanda uvuye mu kazu ka surwumwe (Fosse Septique) kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 Nyakanga 2017.

Uwo mwana yari azwi kw’izina rya Bellard ICIKUNZE yakuweyo n’abakozi b’umuryango utabara imbabare Croix Rouge bari kumwe n’abaporisi bakorera mu gisata co gukinga impanuka.

Amakuru ava mu ntara ya Makamba amenyesha ko Bellard ICIKUNZE yari yazimiye kuva kuwa gatandatu igenekerezo rya 9 Nyakanga 2017.

Ikiziga c’uwo mwana kiri mu buruhukiro vy’ibitaro vy’intara ya Makamba mu ntumbero yo kukigirira ibipimo, nayo abantu batatu harimwo abakozi babiri bo mu nzu n’umwe wo mu muryango wiwe bari mu minwe y’igiporisi ku mvo z’amatohoza.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha