Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba: Imodoka yari itwaye abamenyeshamakuru yatembagariye mu (...)
Makamba: Imodoka yari itwaye abamenyeshamakuru yatembagariye mu manga
samedi 12 Myandagaro 2017
Amakuru ava mu begereye imboneshakure y’igihugu ,amenyesha ko uwitavye Imana ari uwariko atwara imodoka yo mu bwoko bwa Jeep Prado yari itwaye abamenyeshamakuru, abakmeretse nabo ari abamenyeshamakuru babiri umwe azwi kw’izina rya Franck Ernest NTANDIKIYE na Oliva NINDAMUTSA.
Abo bamenyeshamakuru bari bagiye baherekeje umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA mu rugendo yari agiyemwo mu ntara ya Makamba.
Amakuru ava ah i Makamba amenyesha ko ahabereye iryo sanganya hagoye kugendesha imodoka bigasaba ko uwutwara imodoka yiyubara cane.
MUGISHA Van Naris