Makamba : Umudandaza yatowe ikiziga mu nzu yakoreramwo

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 25 Munyonyo 2017 saa 12:10
Yasomwe : 9342
0 0

Ikiziga c’umugabo azwi kw’izina rya Serges NDIKUMAGENGE yahora afise ubunywero i Makamba catowe kuri uwu wa gatanu.

Uwo mugabo asanzwe avuka mu ntara ya Bururi yari umukukuruke wo mu gisirikare ca kera (Ex-FAB), ikiziga ciwe kikaba catowe mu nzu y’ubunywero yadandarizamwo ibinyobwa vya BRARUDI, aho mu ntara ya Makamba.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Makamba bamenyesha ko batashoboye kumenya namba uwo mugabo yagandaguwe, canke ko yoba yahitanwe n’urw’akarago.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha