Makamba : Umusirikare wa Tanzaniya yapfiriye ku butaka bw’Uburundi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 18 Kigarama 2017 saa 10:52
Yasomwe : 46368
0 0

Abanyagihugu babiri bo muri Tanzaniya bapfiriye ku butaka bw’Uburundi kuri uwu w’Imana. Abo bitavye Imana ni umusirikare umwe hamwe n’umukozi wo mu gisata kijejwe kugenzura uruja n’uruza ku rubibe Uburundi buhana na Tanzaniya.

Abo bantu babiri bapfiriye mu Kabonga, intara ya Makamba, bahitanwe n’isanganya ryabaye kw’ipikipiki bariko biyungururizako yagonganye n’iyindi, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.

Ayandi makuru atangwa n’igiporisi c’Uburundi avuga abantu batatu bakomerekejwe na Gerenade zibiri zatewe ku modoka yo mu bwoko bwa "Camion" yari ivuye mu gihugu ca Tanzaniya.

Iyo modoka yatewe izo Gerenade mu gihe yari ihagaze i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko inyuma y’iterwa y’izo Gerenade, igiporisi caciye gifata amasasu 12 hamwe na Gerenade imwe, munsi y’iyo modoka.

Amakuru atangwa n’igiporisi c’Uburundi abandanya amenyesha ko umudereva w’iyo modoka asanzwe afise ubwenegihugu bwa Somaliya yaciye afatwa ku mvo z’amatohoza.


Kumenyekanisha

1
Busurahende 26-12-2017 à 14:13

Uwo mu afande yari yajabuze imbibe aja mu Burundi gukora iki gushika aho apfirayo? Canke Tanzania n’Uburundi gisigaye ari igihugu kimwe. Aba Afande ku ruhande rw’Uburundi, Imbonerakure i Tanzania. Ivyo ni ibiki?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha