Makamba : Abantu batanu bagirizwa ubwicanyi bafashwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 30 mai 2017 saa 09:31
Yasomwe : 11970
0 0

Abantu batanu, bagizwe na bane bo mu muryango umwe nibo bapfunzwe bagirizwa urupfu rw’umugore aheruka kugandagurwa muri komine Vugizo, intara ya Makamba.

Abo batawe muri yompi bagirizwa ko aribo batanze amafaranga ku bagandaguye uwo mugore azwi kw’izina rya Bernadeta BARAGENGANA.

Mu giporisi mu ntara ya Makamba bakikeka ko amatati y’amatongo ariyo yoba ari inyuma y’ubwo bwicanyi.

Bernadeta BARAGENGANA yagandaguwe kw’igenekerezo rya 12 Rusama 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha