Matana:Musitanteri avuga ko umutekano wifashe neza

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 11 June 2018 saa 09:56
11880
0 0

Musitanteri wa komine Matana Agatha NDUWIMANA amenyesha ko umutekano muri rusangi wifashe neza mw’i Komine arongoye. Avuga ko abanyagihugu bayo babanye neza.

Mu kiganiro n’ikinyamakuru “IGIHE”,Agatha NDUWIMANA arongoye komine Matana avuga ko uwo mutekano bawukesha ugukorana neza hagati y’abajejwe intwaro hamwe n’abajejwe umutekano.

Agatha NDUWIMANA yavuze kandi ko abanyamigambwe muri iyo komine babanye neza kandi iyo hatunganijwe ibikorwa bose bavyitaba.

JPEG - 76.5 kb
Agatha NDUWIMANA, Musitanteri wa Komine Matana

Agatha NDUWIMANA yavuze ati:“ Abanyamigambwe babanye neza,mu bikorwa rusangi bose baravyitaba.”

Uwo arongoye komine Matana amenyesha ko iyo hagize umunyamugambwe uwariwe wese amererwa nabi, bituma n’abandi baca bamererwa nabi kuko ata terambere ryobaho bose badakoranye.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha