Accueil > Amakuru > umutekano > Muhuta : Igiporisi caranduye umurima w’urumogi
Muhuta : Igiporisi caranduye umurima w’urumogi
lundi 10 Ndamukiza 2017, par
Igiporisi caranduye mu gatondo ko kuri uwu wa mbere umurima w’urumogi ku musozi Gakuyo, zone Muhuta, komine Muhuta, mu ntara ya Bujumbura bita rural.

Uwo murima ni uw’umuntu azwi kw’izina rya NDUWAMUNGU Ferdinand nk’uko bivugwa n’igiporisi, uwo nawe akaba ari minwe y’inyamiramabi.

Ibiro 28 vy’urumogi vyari vyafashwe kandi kuri uwu wa gatandatu mu ntara ya Ngozi, muri komine Mwumba.
Ku munsi wa gatanu w’indwi twaraye dusozereye, uwundi muntu yafashwe n’igiporisi, yinzingiyeko urumogi yari ajanye kudandaza.

IGIHE
Messages
10 Ndamukiza 2017, 14:43, par leonidas
bagirire ikigongwe muraziko ubukene aribwishi mumiryango,umwuga mubi nuwokuroga no kwica.
10 Ndamukiza 2017, 16:47, par Wakera
Izo n’imbonerakure bagire bajane mumabohero gutoteza abapfungiwe ubusa kumwe Rwembe agize imisi abikora! Twarabahinyuye!
11 Ndamukiza 2017, 09:34, par JEAN
Uwo murimanuwa ya mujeri. Yitwa WAKERA