Muramvya : Abantu batanu bakomerekeye mw’isanganya ry’imodoka

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 14 juillet 2017 saa 12:32
Yasomwe : 15822
0 0

Abantu batanu nibo bakomeretse cane, mw’isanganya ry’imodoka ryabereye ku mutumba Mucece,uri muri Zone Gatabo, ya komine Kiganda,mu ntara ya Muramvya kuri uno wa kane igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017.

Amakuru ava aho mu ntara ya Muramvya,amenyesha ko iryo sanganya ryabaye nk’igihe c’isaha icumi n’igice zo kuri uno wa kane, aho imodoka yo mu bwoko bwa Hiace yata ibarabara ica itembagarira mu manga.

Mu giporiri baremeza ayo makuru, umuvugizi w’igiporisi abicishije ku buhinga ngurukanabumenyi yamenyesheje ko iryo sanganya ryavuye ku buhinga bwo guhagarika imodoka butakora neza.

Abakoemerekeye muri iryo sanganya baciye bajanwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Muramvya.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha