Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Muramvya : Abanyororo batatu bakomerekeye mw’ibohero
Yanditswe taliki ya 23-09-2016 - isaha 10:58' na IGIHE

Abanyororo bagera kuri batatu nibo bamaze kumenyekana ko bakomerekeye mw’ibohero ry’i Muramvya, mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, mu mishamirano yabaye muri iryo bohero hagati y’abaporisi n’abanyororo.

Amakuru ava aho mw’ibohero rya Muramvya avuga ko abaporisi benshi barongoye n’umukuru w’igiporisi muri iyo ntara hamwe n’uwutwara igendereza bazindutse gusaka muri iryo bohero. Nk’igihe c’isaha cumi n’imwe z’agatondo bari bashitse.

Ayo makuru avuga ko abo banyororo banse ko ico gikorwa c’ugusaka kiba, kuko bavuga ko iyo kibaye basahurwa ibintu vyabo. Habaye ugushamirana hagati y’abanyororo hamwe n’abaporisi bari bamaze kwinjira muri iryo bohero. Abaporisi barashe amasasu hejuru y’ugushwiragiza abanyororo, hamwe n’ivyuka bikoroza amosozi vyatewe.

Umuyobozi w’iryo bohero yamenyesheje ko iryo ryahavuye riba, abaporisi bakaba bafashe amaterefone, impuzu hamwe n’ibirato vy’igiporisi. Uwo muyobozi akavuga ko ibintu bikoresho abanyororo batashatse ko bifatwa n’igiporisi baciye babiturira bonyene, muri iryo bohero

Mu gihe hari amakuru avuga ko hari banyororo bagera kuri batatu bamaze kumenyekana ko aribo bakomerekeye muri iryo bohero, umuyobozi waryo arabihakana, akamenyesha ahubwo ko ari abaprisi babiri bakomerekejwe n’amabuye yatewe n’abanyororo.

Ivyiyumviro vyanyu

Aba porisi bahano iwacu iburundi ntibakwije mumitwe, ahubwo ubukene bugiye kubageza habi bajakurondera ivyo biba mwibohero ? ivyobirato navyo nivyo binjiranye kuko ntamunyororo yo kwijirana ikirato mwibohero ntibishoboka.

4.10.2016 à 06:43
Morodikayi Jon

Abaporisi nabasuma Wirenganiyenimoto Ubasigra 5000 Nnehobarihinyuje Kujagusakamwibohero ? Bogiragufungwa Nogutunginkoho ? Ahohobocabarasa Bwabuporisibuje Kubasaka Ivyonibinyoma

26.09.2016 à 22:01
kanuma

Erega Bemuza Murac Murabo Bacunga Nibazibaha Nukuri Nahandiho Nihatari

24.09.2016 à 18:06
Barampanze

murabeshabamwengo.abanyororo.batatungobakomeretse.abandingonikinyomantiwunvakobirimwo amahinyu !ivyobintuntibibaho.

24.09.2016 à 17:32
orivyen.birimana

Non Abobanyoro Izompuzu Zigiporis Bazikurah Barimugash Murarabir Mubacunz Ibohero

23.09.2016 à 13:30
Nahimana

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.