Accueil > Amakuru > umutekano > Muramvya : Umuntu umwe yishwe yagirizwa ubusuma
Muramvya : Umuntu umwe yishwe yagirizwa ubusuma
jeudi 25 janvier 2018
Amakuru ava ku mutumba wa Gatwaro, amenyesha ko uwo muntu yishwe yagirizwa kuba ari umusuma nk’igihe c’isaha icenda n’igice z’ijoro.
Ayo makuru nyene ,amenyesha ko uwo muntu yishwe mu gihe abo bari kumwe bobo bashoboye guhunga bagasiga abanyagihugu.
Abajejwe intwaro ku mutumba Gatwaro, basaba abanyagihugu ko mu gihe cose bafashe umuntu yagirizwa ubusuma batoca bihanira, ahubwo bomushikiriza abajejwe umutekano, abo nabo bakamushikiriza abajejwe ubutungane.
MUGISHA Van Naris