IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muramvya: Umwana umwe yapfuye ahitanywe na Grenade

Muramvya: Umwana umwe yapfuye ahitanywe na Grenade

mercredi 11 Nzero 2017

Umwana umwe yaritavye Imana ahitanywe na Grenade ku mutumba Gishubi,Zone Ryarusera,muri Komine n’intara ya Muramvya.

Uwo mwanya yitavye Imana yari afise imyaka 14,yari asanzwe yiga mw’ishure nshingiro rya Kiyenzi, yitavye Imana ku mugoroba wo kuwa mbere igenekerezo rya 9 Nzero 2017,mu gihe yariko akinisha iy grenade.

Musitanteri wa Komine Muramvya ahamagarira abanyagihugu bagitunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha kubisubiza abajejwe umutekano mu maguru masha.

Igipolisi mu ntara ya Muramvya camaze gutangura amatohoza.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.