IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga-Kinanira 4 : Igisirikare n’igiporisi vyazindukiye mu bikorwa vyo (...)

Musaga-Kinanira 4 : Igisirikare n’igiporisi vyazindukiye mu bikorwa vyo gusaka

mardi 14 Ruhuhuma 2017

Abasirikare bari kumwe n’abapolisi bazindutse mu gikorwa co gusaka muri quartier ya Kinanira ya 4 ,iri muri Zone ya Musaga, Komine Mukaza , mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru ava aho ku musaga amenyesha ko ico gikorwa cakozwe mu mihana myinshi yo ngaho ku Musaga, cakozwe n’abasirikare benshi bari kumwe n’abapolisi,mu gihe vyari bimenyerewe ko ico gikorwa gikorwa n’abapolisi gusa.

Ayo makuru nyene amenyesha ko ico gikorwa co gusaka cakozwe mu buryo butari bumenyerewe, kuko cabaye kandi mu mazu y’abasirikare bafise amapete akomeye mu gihugu, nk’aba generaux.

Mwomenya ko hari haheze indwi, igikorwa nk’ico kibaye muri iyo zone nyene ya Musaga, muri Quartier ya Kinanira 2.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.